
Lyrics by Derrick Don Divin
This song is synchronized. Edit line-by-line to fix typos without affecting playback timing.
Bana b’iwacu bana b’iwacu
Ntacica nk’irungu
Bana b’iwacu bana b’iwacu
Ntacica nk’irungu
Ntacica nk’irungu
Ntacica nk’irungu
Umuhungu yakunze umukobwa yemwe
Umukobwa nawe aramukunda
Umubyeyi umwansi aratera
Umusore aja murugamba
Bari baramubariye
Bari bamugize bati
Aho uzogarukira
Tuzomuguha mubane
Aho uzogarukira
Tuzomuguha mubane
Umusore ngo aragenda murugamba bahungu
Umutima uri munda
Yafora umuheto bikanga
Yatera icumu bikanga
Wamukobwa aho ari
Umutima ugasimba
Amaganya aba menshi
Atangura kurimba ati
Bana b’iwacu bana b’iwacu
Ntacica nk’irungu
Bana b’iwacu bana b’iwacu
Ntacica nk’irungu
Ntacica nk’irungu
Ntacica nk’irungu
Mana y’iwacu Mana y’iwacu
Nzokwama ndagusenga
Mana y’iwacu Mana y’iwacu
Nzokwama ndagusenga
Ngiye kwicwa n’intuntu
Intuntu y’uwonakunze
Ngiye kwicwa n’intuntu
Intuntu y’uwonakunze
Urugamba rurarema rurarema yemwe
Umwansi nawe aratera
Ngiyo imyampi iragurutse
Amacumu aragoba
Wamusore ageramiwe
Yibuka uwo yakunze
Ati mpfuye yemwe mpfuye yemwe
Mpfuye nishwe n’irungu
Ati mpfuye yemwe mpfuye yemwe
Mpfuye nishwe n’irungu
Umukobwa ngo avyumve ngo avyumve bahungu
Umutima uramwanka
Inkokora ziracika
Amarira aricunda
Ati woba unsize tutajanye
Yiha umugozi arahwera
Urukundo rwabo
Urukundo rwabo
Ruherera aho
Urukundo rwabo
Urukundo rwabo
Ruherera aho
Urukundo rwabo
Ruherera aho
Watch video