Verse 1
- Bana b’iwacu bana b’iwacu
- Ntacica nk’irungu
- Bana b’iwacu bana b’iwacu
- Ntacica nk’irungu
- Ntacica nk’irungu
- Ntacica nk’irungu
Verse 2
- Umuhungu yakunze umukobwa yemwe
- Umukobwa nawe aramukunda
- Umubyeyi umwansi aratera
- Umusore aja murugamba
- Bari baramubariye
- Bari bamugize bati
- Aho uzogarukira
- Tuzomuguha mubane
- Aho uzogarukira
- Tuzomuguha mubane
Verse 3
- Umusore ngo aragenda murugamba bahungu
- Umutima uri munda
- Yafora umuheto bikanga
- Yatera icumu bikanga
- Wamukobwa aho ari
- Umutima ugasimba
- Amaganya aba menshi
- Atangura kurimba ati
Verse 4
- Bana b’iwacu bana b’iwacu
- Ntacica nk’irungu
- Bana b’iwacu bana b’iwacu
- Ntacica nk’irungu
- Ntacica nk’irungu
- Ntacica nk’irungu
Verse 5
- Mana y’iwacu Mana y’iwacu
- Nzokwama ndagusenga
- Mana y’iwacu Mana y’iwacu
- Nzokwama ndagusenga
- Ngiye kwicwa n’intuntu
- Intuntu y’uwonakunze
- Ngiye kwicwa n’intuntu
- Intuntu y’uwonakunze
Verse 6
- Urugamba rurarema rurarema yemwe
- Umwansi nawe aratera
- Ngiyo imyampi iragurutse
- Amacumu aragoba
- Wamusore ageramiwe
- Yibuka uwo yakunze
- Ati mpfuye yemwe mpfuye yemwe
- Mpfuye nishwe n’irungu
- Ati mpfuye yemwe mpfuye yemwe
- Mpfuye nishwe n’irungu
Verse 7
- Umukobwa ngo avyumve ngo avyumve bahungu
- Umutima uramwanka
- Inkokora ziracika
- Amarira aricunda
- Ati woba unsize tutajanye
- Yiha umugozi arahwera
- Urukundo rwabo
- Urukundo rwabo
- Ruherera aho
Verse 8
- Urukundo rwabo
- Urukundo rwabo
- Ruherera aho
- Urukundo rwabo
- Ruherera aho